Umukuru w’igihugu cya Kenya, Uhuru Kenyatta avuga ko adashoboye kwihanganira umuhungu we nyuma y’uko arenze ku mategeko yo kuguma mu rugo mu kwirinda coronavirus.
Avuga ko umwe mu bahungu be babiri, ariko atashatse kuvuga izina, yarenze ku mategeko yigira mu gitaramo cyabaye mu ijoro i Mombasa ku kiyaga aha ari naho nkomoko ya Coronavirus muri Kenya.
Ati: “Namubajije nti ko uri kumwe na nyogokuru wawe arengeje imyaka 80, ukaba warenze kuri ayo mategeko, mbega nk’ubu hagira icyo aba, uzamererwa gute mu mutima”.
Perezida Uhuru Kenyatta n’umuryango we
Amahuriro y’abantu benshi arabujijwe muri iyco gihugu cyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.
Leta kandi yahagaritse urujya n’uruza rw’abinjira n’abasohoka bava cyangwa bajya mu murwa mukuru Nairobi hamwe no mu bindi bice bitatu biri ku mipaka, na Mombasa irimwo, aho nyina n’umuhungu ba Perezida Kenyatta basanzwe bari muri ibi bihe.
Mu kiganiro n’umunyamakuru wa televiziyo NTV yo muri icyo gihugu, Perezida Kenyatta yibutsa ko nta muntu n’umwe uri hejuru y’amategeko yashizweho mu guhangana na Coronavirus.
Hagati aho, yaraneguwe kubona atahise afatira uyu muhungu we nabo bari kumwe ngo bashyirwe mu kato ahagenwe nk’uko bimeze ku bandi banyagihugu ba Kenya iyo bafashwe barenze ku ngingo ya Guma mu rugo.
Bwana Kenyatta avuga ko yarakariye cyane umuhungu we kubona yarashyize ubuzima bwa nyirakuru (Nyina Kenyatta) mu kaga.
Akazuba Cynthia
Bana natwe tugususurutse umenye