Libiya:Amahanga ahangayikishijwe n’intambara ihabera

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamahnga  ONU, Antonio Guterres yavuze ko atewe ubwoba  nuko Libiya hari amakuru yuko hagiye kuba intambara hagati y’abanyagihugu mu gihe ntacyakorwa vuba kugira intambara irangiye.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, mu kiganiro n'abanyamakuru muri ONU, ku musi mpuzamakungu w'impunzi, ku cicaro ca ONU, New York, itariki 20/06/2017

Aremeza ko hakenewe imfashanyo y’amahanga  mu mu gufasha icyo gihugu, aho abasirikare bari ku ruhande rwa Khalifa Haftar batangije urugamba rwo gufata umurwa mukuru Tripoli ugenzurwa na reta yemewe na ONU.

Imirwano mu murwa mukuru  Tripoli imaze guhitana ubuzima bw’abantu igihumbi abandi ibihumbi ijana na makumyabiri bakurwa mu byabo kuva iyo ntambara itangiye.

Muri raporo ya Guterres yanavuze ku mpunzi n’abimukira bafungiwe  muri Libiya, ko bakwiye kurekurwa bagahabwa ubuhungiro cyangwa bagasubizwa mu miryango yabo.

Eric TWAHIRWA




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *